homepageJusticekirundi

Uru nirwo sentare y’igihugu y’i Ngozi yaciriye Pasteur Mpawenimana

Umunyororo w’imyaka itanu, ihadabu y’ibihumbi ijana hamwe no gushira imodoka yiwe mu matungo ya Reta ni bimwe mu bihano sentare y’igihugu y’i Ngozi yaciriye Pasteur Mpawenimana, umunywanyi w’umugambwe CNL. Uwo yafashwe yagirizwa gukubita, gukomeretsa no kwambura abanyeshure 5 bo muri kaminuza y’i Ngozi bivugwa ko ari urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD.

Ku makuru dukesha Radio Isanganiro, ngo sentare yategetse kandi ko uwo yagiriwe n’icaha ategerezwa guha abo banyeshure amafaranga y’amarundi angana 4.095.000 y’indishi y’akababaro hamwe n’imiriyoni zibiri n’ibihumbi amajana atanu yo kwivuza. Pasteur Mpawenimana akazopfungwa ikiringo kingana n’imyaka 12 n’igice mu gihe ayo mafaranga atoyatanga.

Abo banyeshure ngo bakubaguwe bagirizwa gufotora imparati z’imodoka n’ipikipiki zariko zija mu birori vyo kwugurura imyiyamamazo y’umugambwe CNL i Ngozi, ku wa 27 Ndamukiza 2020.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755