BurundihomepagekirundiPolitique

Amatora yo mu 2020| CNDD FDD : Imigabo n’imigambi ya Evariste Ndayishimiye

Imigabo n’imigambi nyamukuru ya Evariste Ndayishimiye azokwitoza  mu kibanza c’umukuru w’igihugu ahanini ishimikiye ku gukomeza inzego z’umutekano no kwivuna abansi, gukomeza igisata c’ubutungane, intwaro ibereye, imibereho y’abanyagihugu, ibijanye n’amagara y’abantu, gutegekaniriza kazoza abenegihugu, indero, kurwanya ubushomeri, uburaro bwiza, ibidukikije, imico kama n’inkino.

Imigambi y’ubutunzi ishingiye ku burimyi n’ubworozi, ubutare n’agataka, ubudandaji, ingenzi n’amahinguriro, hamwe no kwunguruza abantu n’ibintu.

Evariste Ndayishimiye ategura kandi gukomeza imigenderanire no gufashanya n’amakungu, aho avuga ko ishingiye ku kwuzuzanya n’ugutsimbataza umwumvikano hagati y’Uburundi n’amakungu be n’amashirahamwe atandukanye.

Muti none Evariste Ndayishimiye ni nde?

Evariste Ndayishimiye ni umunyamabanga mukuru w’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD kuva mu kwezi kw’umunani 2016, aho uwo mugambwe usubiriyemwo itunganywa ryawo, asubirira Pascal Nyabenda yari umukuru wawo.

Yavukiye muri komine Giheta y’intara ya Gitega mu mwaka wa 1968. Azwi nk’umwe mu bari intwazangabo zikomeye muri uwo mugambwe ucitwa umuhari, mu ntambara yadutse mu Burundi inyuma y’igandagurwa rya Perezida Melchior Ndadaye yari amaze amezi atatu ku butegetsi.

Ndayishimiye ari mu bacitse kw’icumu mu bwicanyi bwakorewe abanyeshure b’abahutu kuri kaminuza y’Uburundi mu kwa gatandatu 1995, bituma ahamvya abandi barwanyi b’umuhari, ico gihe wari ucitwa CNDD ishami ryawo rya gisirikare rikitwa FDD, urongowe na Leonard Nyangoma yawutanguje mu 1994.

Uyo muhari, mu nyuma wagiye kwitwa CNDD-FDD, umaze kwinjira mu masezerano y’amahoro ya Arusha yo mu 2000 ugashira ibirwanisho hasi mu mwaka w’2003, General Ndayishimiye yarakoze mu biro bikuru vya gisirikare, mu nyuma aragenwa nk’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu 2006-2007, imbere y’uko agenwa kuba umuhanuzi wa gisirikare mu biro vy’umukuru w’igihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764