BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassport

Double jay yavuze ku majambo y’igishegu avugwa ku ndirimbo yiwe

Double jay yahakanye ibivurwa ko indirimbo yiwe nshasha yoba irimwo igishegu, ariko akemeza ko iyo ndirimbo irimwo amajambo y’urukundo akomeye, kandi ari ay’abantu bakuze.

Double Jaya avuga ko mu misi mikeya akaririmbo Numva Nshaka ngo kazoshirirwa ahabona amasanamu. Uwo muririmvyi akaba ayabiyagiye bagenzi bacu bakorera imwe mu mboneshakure za hano iwacu.

Muri ico kiyago, uwo muririmvyi yahavuye anishura ku kibazo c’amajambo y’igishegu avugwa ku ndirimbo yiwe. Akaba avuga ko ivyo atarivyo na gato, ariko akemeza ko ari indirimbo y’abantu bakuze, kandi irimwo amajambo y’urukundo akomeye.

Mwomenya ko ako karirimbo katariko kavurwako rumwe kubera amwe amwe mu majambo yumvikanamwo. Ivyo bikaba vyabonetse ku mbuga zitandukanye z’abakurikiranira hagufi ivy’umuziki.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775