homepagekirundiPolitiqueUganda

Uganda : Amatora yategekanywa mu ntango z’umwaka uza ngo ashobora kwunguruzwa

Perezida Yoweri Kaguta Museveni wa Uganda yatangaje ko vyoba ari ukwita ku risongoye gutunganya amatora muri kino gihe ico gihugu kigeramiwe n’ikiza ca Coronavirus.

Mu kiganiro yatanze ku mboneshakure NBS yo muri ico gihugu,Perezida Museveni yavuze ko hogera mu kwezi kw’indwi ikiza ca coronavirus kitaratorerwa umuti, amatora yari ategekanijwe mu ntango z’umwaka uza w’2021 ashobora kuzokwigizwa imbere.

Mwomenya ko muri ico gihugu kiri mu bihugu bigizeumuryango wa Afrika y’ubuseruko ko hamaze kwibonekeza abantu bagera kw’ijana na cumin a babiri bamaze kwandura ico kiza ca coronavirus. Muri ico gihugu nyene, amakoraniro y’abantu benshi yarahagaritswe mu ntumbero yo gukinga ikwirakwira ry’ico kiza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755