BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Miss Badiscelle ngo ubuzima bwarahindutse inyuma yo kwiyandikisha muri Miss Burundi

Umwe mu bigeme bari muri Miss BURUNDI uno mwaka wa 2020, Miss Iteka Radiane Badiscelle yaserukiye intara ya Ngozi kuko ariho akomoka, arahamagarira abandi bigeme nabo kwitabira amahiganwa nkayo, na cane cane nk’irya Miss ku gasaka risanzwe ryimirije vuba.

Mu kiyago yagiranye n’imboneshakure isanzwe ikorera ku buhinga ngurukanabumenyi, ariko ikorera mu gisagara ca Ngozi, Ku Gasaka Webtv, yamenyesheje ko amahiganwa ya Miss azokurikira, yaba Miss Burundi yo mu mwaka wa 2020, ashobora kutazoyitabira. Nayo Miss ku gasaka yo yitezwe vuba ngo ntazoyitabira kuko afise ibindi yari yarateguye.

Uwo mwigeme w’imvukira ya Bujumbura, avuga ko imbere yuko aja muri Miss Burundi, yarasanzwe akunda ico gikorwa, kuko ngo yanazikurikirana cane kuva akiri muto. Aho akavuga ko atakurikirana Miss Burundi gusa, kuko yaba Miss Rwanda, Miss East Africa n’izindi ngo arazikurikirana cane.

Yabajijwe nimba abavyeyi bari bamushigikiye, uwo mwana w’umukobwa, yamenyesheje ko asigaranye umuvyeyi umwe, ariko ngo uwo nyene yaramushigikiye 100% kuko ngo ni nawe yamusubizamwo intege mu gihe yasa n’uwataye ivyizigiro. Aho yanamubwiye ko yonashobora kubandanya, canke akaharonka incuti, mu gihe we yabona ko ashobora kutabandanya muri ayo mahiganwa.

 

 

View this post on Instagram

 

candidate #missburundi2020 ITEKA Badiscelle Radiane @missburundi_badi_iteka_fans @burundiangirl_1

A post shared by Miss Radiane Badi ITEKA (@miss.radiane.badi.iteka) on


Uwo muvyeyi nyene ngo ni nawe yahanuje imbere yuko aja muri ico gikorwa ca Miss Burundi, abandi benshi ngi ntavyo bari bazi, uretse bamwe mu bagenzi biwe bari basanzwe baba hafi aba Mannequin yahanuje uburyo yokwitwara muri ayo mahiganwa.

Miss Radiane avuga ko ubuzima busa n’ubwahindutse inyuma yo kwimenyekanisha ko agiye muri Miss Burundi. Igituma ngo nuko yaciye atangura kurabwa ivyo yaba ariko akora vyose, kuko aho yaca hose yasanga abantu bamaze kumumenya.

Ivyo vyahavuye bifatanwa n’uburyo ibinyamakuru vyahavuye bitangura kumwandikako, ivyamubabaje mu ntango kuko atarabimenyereye, ariko ngo inyuma y’ukuyaga n’umwe mu bamenyekanye bari incuti kandi bakunze kwandikwako, ngo yahavuye ashiraho urubibe hagati y’ubuzima abantu bose bazi n’ubuzima bwiwe bwite.

Mwomenya ko uwo mwigeme asanzwe afise amashure ya kamenuza mu gisagata c’abaforomakazi, urupapuro rw’umutsindo akaba akirindiriye ko rusohoka muri kamenuza y’I Ngozi aho yahereje mu mwaka wa 2019. Igitabo c’ukurangiza amashure akaba yagisomye mu kwezi kw’12 muri uno mwaka wa 2019.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775