East Africa NewsAkes DonEntertainmenthomepagekirundiMagic Soldier Kingorongoro

Mwiseneza adasubiriye Miss Liliane, ngo azoba yibwe

Nka hamwe Mwiseneza atotorwa ngo abe Miss rwanda 2019, bamwe bavuga ko azoba yibwe kuko ariwe mwigeme akunzwe cane muri kino gihe n’abakurikirana ico gikorwa. Ariko abagitegura bo bakabibona ukundi.

Aho bukera buca hamenyekana umwigeme agiye kuba Miss rwanda w’umwaka wa 2019. Uwo akaba azoba aje asubirira uwahahora yitwa Liliane iradukunda.

Muri uno mwaka co kimwe n’iyindi myaka hamye ngo haboneka umwigeme amenyekana akavurwa cane gusumba abandi. Uno mwaka akaba ari uwitwa Mwiseneza Josiane yavuye hagati mu gihugu.

Mu bakurikiranira hafi ico gikorwa abenshi bakaba bashigikiye uwo mwigeme nkuko biboneka no ku mbuga ngurukanabumenyi. Bakaba babona ko uwo mwigeme ariwe azotwara urwo rugori muri uno mwaka, naho uwusanzwe atwara umurwi utegura ico gikorwa yabakurikiye inkoni ku gishitsi ko bishobora kudashoboka.

Kuri uyu wa kane hakaba haheruka gutorwa ba Miss 3 barimwo Miss Photogenic, Miss Heritage na Miss Congeniality. Abandi barimwo Miss Popularity bakaba bazotorwa kuri uyu wa gatandatu. Bamwe bakanuganuga ko yoba ari Mwiseneza ashobora kuzotwara ico kibanza ca Miss Popularity kubera uburyo akunzwe cane.

Amakuru dukesha ibinyamakuru Nyarwanda, avuga ko Mwiseneza akaba ariwe afata ikibanza ca 1 mu batowe cane biciye kuri Message za SMS. Gushika ku musi wa kabiri akaba yatwara ikibanza ca 1, uwa kabiri akaba yagwiza amanota yiwe 2 kugira abashe kumushikira.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769