BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Yaba Sat-B, yaba Big Fizzo ngo nta numwe Domitien Ndayizeye azi

Domitien Ndayizeye yahoze atwara Uburundi akaba kandi mu bariko bitoza mu kibanza c’Umukuru w’Igihugu, ngo yaba Sat-b canke Fariouz ngo nta numwe azi, kuko ubu ivy’umuziki atakivyerekwa, ariko ngo aho hambere hahise nawe yarakanyuguta.

Mu kiganiro n’ikinyamakuru Jimbere, Ndayizeye yabajijwe nimba abaririmvyi b’abarundi Big Fizzo na Sat-b hari numwe azi. Yishuye ko ata numwe muribo azi, n’amazina amwe amwe nka Sat-b bikaba vyamugoye cane kugira abashe kuyasubiramwo.

Ndayizeye ariko naho ivy’iki kinjana mu muziki ataco abiziko cane, avuga ko mu myaka ya 1970 aho yari mu mashure mu bubirigi, ngo yarabashije gutamba akazi. Impera z’indwi ngo nta n’imwe yamusanga mu nzu aho yaba, ariko ngo yarafise umugwi w’abazungu basohokana.

Uwo yahoze atwara igihugu yamenyesheje ko yanagerageje kwiga kuvuza ibicurarangisho nk’ikembe n’igitari ariko biranka.

Mwomenya ko hampande y’uwo abandi bariko bitoreza ico kibanza, nka Dieudonne yamenyesheje ko abazi kandi bakorana, nayo uwuzoserukira umugambwe Frodebu vyabonetse ko nawe ivy’umuziki atabikurikira cane gose.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775