featured sportfootballgroups-at-messageInkinokirundikirundi_SportsSportsport_promoted

Hussein Tchabalala yaguzwe na As Kigali

Umukinyi w’umusatirizi w’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba yahora akinira Bugesera Fc Hussein Shabani Tchabalala yaguzwe na As Kigali.

Ku makuru adushikira ava mu Rwanda n’uko uwo mukinyi yashize Umukono ku masezerano yo gukinira Umugwi As Kigali mu kiringo c’imyaka ibiri.

Akaba yahawe imiriyoni 10 z’amafaranga y’u Rwanda akazohora ahembwa ayagera ku bihumbi amajana indwi 700 vy’amafaranga y’ico gihugu .

Hussein Shabani Tchabalala akaba yaramze imisi ariko aronderwa n’umugwi Kiyovu Sports muri kino gihe usanzwe umenyerezwa n’uwigeze kuba amenyereza Rayon Sports Etienne Karekezi.

Akaba aguzwe muri As Kigali afata ikibanza ca kabiri mu bakinyi bafise ibitsindo vyinshi mu gihugu c’urwanda afise (13).

Tchabalala akaba amaze gukinira Imigwi itari mike , hano iwacu yakiniye Metalco Fc , Nile Onlympic , Les guepiers du Lac , Flambeau de l’Est hamwe na Vital’o .

Mu Rwanda amaze gukinira Amagaju Fc , Rayon Sports , Bugesera Fc muri kino gihe agiye kuri As Kigali, akaba yarakinye no muri Africa y’epfo mugwi Baroka Fc , no muri Ethiopia mu mugwi wa Ethiopian Coffee.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 679