footballgroups-at-messagehomepageInkinokirundi_Sportsprimus ligueSport

FFB: Nta murorerezi azosubira kuraba inkino zisigaye ku kibuga Intwari

Hari kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 26 Rusama 2020, Isaha icenda 15h00 ku kibuga Intwari niho umugwi Inter Star wari wakiriye umugwi Musongati Fc mu Rukino rwo gutangura rw’igice ca kabiri gishira icanyuma c’igikombe c’umukuru w’igihugu. urwo rukino rukaba rwararangiye imigwi yose inganije 0-0.

Inyuma y’urwo rukino abanya gihugu baciye binjira mu kibuga mugihe Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ryari ryigeze kubabuza kw’injira mu kibuga iyo urukino rurangiye .

Ivyo rero vyaciye bibabaza uwutwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB , Honorable Reverien Ndikuriyo yari yishikiye kwirabira urwo rukino , niho guca afata ingingo yo guhagarika abarorerezi kw’injira mu kibuga c’intwari mu nkino zose zisigaye muri uno mwaka .

Mw’ikete FFB yanditse yo gufata ivyo bihano yamenyesheje y’uko iyo ngingo izofatwa no ku bibuga vyo hagati biriko Umusezero wa kijambere bita ( Synthetic) igihe iyo ngendo yokwibonekeza .

FFB ikaba yamenyesheje kandi y’uko iyo ngingo yafashwe mu ntumbero yo gukingira abakinyi n’abamenyereza.

Iyo ngingo ikaba yaraye ibabaje abakunzi b’umugwi wa Inter Star hamwe na Vital’o Fc bivanye n’uko Ku musi wa Gatandu igenekerezo rya 30 Rusama 2020 Ku kibuga Intwari hitezwe Derby ihuza iyo migwi yabo basanzwe bakunda .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 858