BurundiabavugiziBDUSAEconomyFinanceshomepagekirundi

Ubushikiranganji bw’ubudandaji buriyamiriza ingingo ya Brarudi

Jean Marie Niyokindi, umushikiranganji w’amahinguriro n’ubudandaji

Ubushikiranganji bw’ubudandaji n’amahinguriro buriyamiriza ingingo y’ishirahamwe rihingura ibinyobwa Brarudi y’uduza ibiciro ry’ibinyobwa bimwe bimwe risanzwe rihingura, nk’uko biri mw’itangazo ryashizwe ahabona kuri uyu wa mbere waraye uheze igenekerezo rya 28 Nzero 2019.

Umushikiranganji Jean Marie Niyokindi avuga ko iyo ngingo yafashwe ata nama ibaye kandi ko iyo ngingo iza ihonyanga ingene ivyiduzwa ry’ibiciro ryahora rigenda.

Ivyo umushikiranganji Niyokindi yabishikirije mu gihe ihinguriro Brarudi ryari ryamenyesheje ko ibiciro bimwe bimwe vy’ibinyobwa vyaduze uku gukurikira : Nyongera : 1100fbu, Amsel 65 Cl: 1900 f, Amstel Bock 33Cl : 1300f nayo Amstel Royal 50Cl rikagurwa 2200bfu.

Mu bunywero butari buke haba mu gisagara ca Bujumbura no mu micungararo yaho, ivyo biciro bishasha vyari vyamaze gutangura gukurikizwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 766