BurundiDevelopmentEconomyhomepagekirundi

Ishirahamwe Regideso rigiye gutunganywa gushasha

Ishirahamwe rijejwe gukwiragiza amatara n’amazi mu gihugu Regideso ngo birakwiye ko ibisata vy’amazi n’amatara, kimwe kimwe ukwaco cigenga kugira ngo bibone gukora neza.

Urwandiko rujanye n’iryo tunganywa gushasha kw’ishirahamwe Regideso rukaba ruheruka kwemwzwa n’inama nshikiranganji iheruka gukoranira i Gitega ku murwa mukuru wa poritike, hari ku musi wa gatatu uheze.

Mu cegeranyo ciyo nama nshikiranganji, Prosper Ntahorwamiye umunyamabanga mukuru akaba n’umuvugizi wa Reta y’Uburundi amenyesha ko hagiye hibonekaza ingorane zirandukanye muri iryo shirahamwe rya Reta.

Zimwe muri izo ngorane zagiye ziribonekeza, Ntahorwamiye avuga nk’amazi yisesa n’umuyagankuba wononekara hamwe n’uko amafaranga Regideso yinjiza ngo yagumwe ari make cane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769