BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Ng’iki ikintu gikomeye Big Fizzo agiye gukora kizotuma abakunzi b’umuziki batangara

Muri album zigiye gusohoka za Big Fizzo ngo hoba  harimwo ama collabo akomakomeye yo murikano kare turimwo.

Big fizzo imyaka itarimiki ariko akora umuziki mu kuduza ibendera ry’igihugu aho yagiye aca mu bihungu bitaribike bitandukanye aduza ibendera ry’igihugu ndetse asohora n’inkwirikirane zitarinke z’indirimbo, muri kuno kwezi kwa Ruheshi twatanguye akaba ariho azoshira ahabona izindi album zibiri imwe yise Desideratus iyindi  Legendary akaba ari album ziriko zivurwako vyishi album bivurwako hazoba harimwo collabo nyishi zo murikano kare turimwo Abarundi baribashaka maze bikazotuma ishusho ry’umuziki ndundi rihinduka.

Mwomenyako izo album azozishira ku mugaragaro biciye mu giteramo kizoba kw’igenekerezo rya 12 Ruheshi 2020 mu nyubakwa za IFB ahahoze hitwa EX CCF nk’uko Big Fizzo ubwiwe aza yaramaze kumenyesha iryo sango be n’uburyo bwokwinjira muri ico giteramo ubona ko azoba ari akanoti gafadika aho kwinjira mu kibaza gisazwe azoba ari 50.000Fbu ku muntu umwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775