BurundiDon BrigtherhomepageJusticekirundi

Uru nirwo Sentare nkuru ya Muramvya yaraye ibaciriye

Mu gaturuturu ko kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 30 Nzero umwaka w’2019 mu ntahe y’ikibiriraho yarangiye igihe c’isaha zitandatu n’iminota mirongo ine z’ijoro (00h40), Sentare Nkuru y’Igihugu ya Muramvya yaciriye umunyororo wo guherayo NGENDAKURIYO Anthère ku caha co kwica NIVYAYO Innocent yabiteguye amutemye izosi n’umuhoro.

NDAYIRAGIJE Caritas nawe yahanishijwe gupfungwa umunyororo w’imyaka 20 akaba yagiriwe n’icaha co gufashanya gukora ico caha na NGENDAKURIYO Anthère, “complicité” mu rurirmi rw’igifaransa nayo NSAVYIMANA Salvator, NDUWIMANA Vianney hamwe na BUKURU André bambikwa izera.


What's your reaction?

Related Posts

1 of 764