Burundihomepagekirundi

Ubushikiringanji bwo kubungabunga amagara y’abantu buramenyesha ko hari abandi bantu banduye ikiza ca covid-19

Ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida bumenyesha ko abandi bantu bashika ku mirongo ibiri bamenyekanye ko banduye umugera wa Covid-19.

Nk’uko biri mw’itangazo ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida bwashize ahabona kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 6 Ruheshi umwaka w’2020, abantu bagera ku mirongo ibiri basanze baranduye ikiza ca Corona inyuma yo gupima abantu 18 biketswe ko banduye uwo mugera, batabarijwe n’ibitaro bitandukanye vyo mu gisagara ca Bujumbura hamwe n’abandi 51 bamaranye umwanya munini n’abatowe uwo mugera.

Mwomenya ko kugera ubu abantu 83 aribo bamaze kumenyekana ko banduye umugera wa Corona mu Burundi; muri abo 45 bakaba barakize nayo umuntu umwe aritaba Imana nk’uko vyagiye birashikirizwa ku mwanya ku mwanya n’ubwo bushikiranganji.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764