Entertainmenthomepagekirundi

Igiteramo ca Big Fizzo casibijwe ntikikibaye kuri ryasango

Igiteramo c’umuririmvyi Big Fizzo c’ugushira ahabona inkwirikirane zibiri z’indirimbo cahiduwe itariki cobereyeko nk’umvo zitaramenyekana

Inyuma yukuvuga ko ari ibakwe yagize kugira abashe gukora inkurikirane zibiri z’indirimbo. Ivyo yavuze yisunze yuko ngo atari abaririmvyi beshi bahano iwacu babasha kubikora.

Izo nkurikirane yoshize ahabona kuri uyu wagatanu igenekerezo rya 12Ruheshi(06)  rikaba ry’igijwe imbere,Label ya Bantu Bwoy imenyesha ko ico giteramo cigijwe inyuma ikiringo c’indwi zibiri zose nkumvo zitabavuyeko ariko ntibashima gushira ahabona icatumye bigiza inyuma iryo sango baribaramenyesheje ubwambere abakunzi b’umuziki.Kikazoca kiba kw’igenekerezo rya 26Ruheshi 2020 mu nyubakwa za IFB ahahoze hitwa EX CCF.

Mwomenyako icogiteramo caricogushira ahabona album zibiri icarimwe imwe yise Desideratus iyindi  Legendary izizotuma aca afata akaruhuko inyuma yukuzishira ahabona ahavuga kwazoca aruhuka akaba arakora ibindi mu gihe abakunzi  b’umuziki bazoba bariko bakurikirana izo ndirimbo zose zizoba ziri murizo album.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769