BurundikirundiPolitique

Breaking News:Prezida  Pierre Nkurunziza yaryamiye ukuboko kw’abagabo

Umukuru w’igihugu c’uBurundi yitavye Imana mu bitaro vyo mu Ntara ya Karusi nkuko Reta y’Uburundi ibishikiriza.

Reta y’Uburundi imenyesha ko iri n’umubabaro udasanzwe w’ukumenyesha urupfu rw’Umukuru w’Igihugu Petero Nkurunziza rwabereye ku bitaro bikuru vy’i Karusi. itangazo ryasohowe na Reta y’Uburundi rivuga ko Prezida Pierre Nkurunziza yahitanwe n’ihagarara ry’umutima mukinyamazuru “Arrêt cardiaque ” Reta y’uBurundi ikaba  imenyeshako yitavye Imana kw’igenekerezo rya 8 Ruheshi2020.

Ivyo bikaba bibaye inyuma yuko kumusi wagatandatu igenekerezo rya 6 Ruheshi2020 Umukuru w’igihugu yariyateye iteka urukino rwanyuma rw’itiriwe igikombe c’Umukuru w’igihugu muri volley ball rw’abereye ku kukibuga Urukundo ca volley ball mu Ntara ya Ngonzi aho rwahuza umurwi wa Rukinzo nu mugwi wa Amical  aho Umurwi wa Amical ariwo watahukanye itsinzi ariko Umukuru w’Igihugu akaba yahamaze umwanya muto atashoboye kumara urwo rukino .Akaba ashengeye afise imyaka mirongo itanu nitanu yamavuko.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 501