Entertainmentkirundimusic

Sat-B ubu nibwo butumwa bugufi yahaye abavuga ko agira mumuduga uzimbutse

Aho muri kano kanya Uburundi buri mubihe bitoroshe ni Sat-B aguma avugwa muri ibi na biriya naho we adashima kwishura cane ivyo bamuvugako.

Inyuma yo kuboneka ari kuri Facebook live agahura n’umuvyeyi arikumwe n’umwana wiwe basa nabatorohewe mubuzima maze umuririmvyi Sat-B akabaha ikaze mumuduga bakajana nawe akabasumira ni Sat-B abandanya kuboneka aho yashize amajambo afise ubutumwa bwerekana ko hoba hari urundi rugamba yoba ariko naho atarashobora kurushikiriza neza.
Sat-B abicishije kuri rubuga rwiwe rwa Facebook  yanditse amajambo avuga ati:
“Ubwiza bw’imodoka n’ukugenda, Kuko aho mvuye muri Garage ndahasize V8 Itagenda.Ngo mpindure?? canke tubanze dufashanye guhindura ubuzima bwacu n’abadukikuje ….??”
Ayo niyo majambo yanditse mugihe  uwo muririmvyi inkuru iva kubamwegereye ivuga ko yoba afise iciyumviro co gusangira duke aronka n’abatishoboye ngo kuko aho we yavuye ahazi kandi akanibutsa ko yamye abivuga akanabiririmba aho yibutsa aho yavuze ati:“UMUSI WAMPAYE UZOMUHE N’URYA, URYA ADAFISE🙏🏾”

What's your reaction?

Related Posts

1 of 555