Diasporakirundi

#Diaspora|Tax Sevice| Munyundo Pascal agira ati ntimujuragirike

Ku barundi ndetse n’abanyarwanda baba ku mugabane wa America ubufasha ku bijanye na Tax, ubwishingizi(assurance) ndetse n’amategeko babironkera ubuntu.
Muntumbro zo gufasha abajuragirika, abananizwa n’ururimi ndetse n’ubuhinga buke mu bijanye na ma tagisi n’ubwishingizi, Munyundo Pascal arabahumuriza akabamenyesha ko abaha ubufasha ku buntu.

Ibibazo Pascal yaciyemwo nivyo bibera inyishu benewabo b’abarundi baba ku mugabane wa America.
Munyundo amenyesha ko ikibazo c’ amakori n’ubwishingizi kinaniza benshi bivuye kukutamenya, nubwo biruko ishirahamwe aserukira ryemewe n’amategeko, ririzewe kandi barashoboye gufasha gukura ibibazo mu nzira.
Ubumenyi buhagije nibwo bugenga ishirahamwe Munyundo aserukira, nayo abanywanyi bakaba atawidoga abamwo.
Ishirahamwe Munyundo aserukira rikaba ritanga inyigisho ku buntu kur’uwo wewse yifuza gukorana naryo, ndetse bagakurikirana n’abo bahaye ubunyi kugira ntibubapfeko ubusa.
Izo nyigisho Pascal akazihamagira buri murundi wese aba ku mugabane wa America kugira azimenya ntazorwe mu bibazo, ndetse nawe akazofasha abandi.
Munyundo arangiza akangurira benewabo bari mumahanga kwigisha ibibondo vyabo, ndetse bakanavyishurira ubwishingizi.

Kutubazo n’ubundi buhinga mushobora kubironka mu kiganiro «The SYUB show »n’umumenyeshamakuru yigenga Raphael Biko.

Mwomenya ko ku mugabane wa America ubwishingizi(Assurance) ari ngirakamaro, kandi iyo ugize ikibazo bakwishura badatevye nka hano iwacu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 471