BurundiEntertainmentfootballkirundi

Dj Pro mu myiteguro ikomeye yo gusohora Video zitatu


Umuririmvyi akongera akaba n’umurwizatunga Dj Pro ari munzira yo gukora no gushira ahabona amasanamu y’indirimbo zitatu vuba bwango.



Inyuma yo gukora Ep yise Feel Pain Dj Pro ntarota yicara namba kuko atariwo mwanya ahubwo ari akaryo ko kugira ibikorwa vyiwe bize bidahagarara.

Ngo umuziki w’u Burundi muri kino gihe ntugikeneye imigambi yo kumunwa

Mukiganiro yakoranye na Indundi,Dj Pro yashikirije  ano majambo agira ati:

“Mukuri sivyimbeshere ndiko ndakora ibikorwa kandi bitari bike, musanzwe mubizi ko mperuka gukora Ep irimwo indirimbo zigera kuri zine kandi ziganziyemwo  Collabo za hano iwacu, ndetse no hanze y’igihugu, bidasaba rero gutegura Platforms zanje kugira zijeko ibikorwa bisa neza kandi vyerekana n’ubwiza buranga igihugu cacu,
Iyo ndiko ndavuga Platform zisa neza, ni amasanamu canke video mba ndiko ndavuga, aho rero ngiye gushira ahabona amasanamu y’indirimbo zigera kuri zitatu zigiye gufatwa vuba kandi nayo mugusohoka akaba atamwanya munini azohanahana.”

 Twobibutsa ko Dj Pro muri izo ndirimbo hari collabo yakoranye n’Abaririmvyi babiri nka Mb Data na Kingorongoro

What's your reaction?

Related Posts

1 of 730