Mu kiganiro Lionnel Messi yakoze na kimwe mu bimenyeshamakuru vyo muri Espagne yavuze ko mu buzima bwiwe amaze gusaba umukinyi umwe gusa ngo bakabe umwambaro, uwo nawe s’uwundi n’umumenyereza wa Real Madrid umufaransa Zinedine Zidane .
” Ego nshaka kuvuga ko ntarigera nsaba umukinyi ngo dukabe umwambaro, kiretse ko nabigize rimwe gusa igihe nasaba Zidane mu rukino rwa classic. ”
Arongera ati:”
Iyo habonetse umunye Argentine w’iwacu twahuye mu rukino canke uwundi mukinyi yansavye abinsavye nca ndabikora, atari uko sinama nsaba umuntu numwe ngo dukaba umwambaro “.
Mwokwibukako Zinedine Zidane yahagaritse ivyo gukina mu mwaka wa 2006 igihe yari ahejeje gubita umutwe Materazi, aho naho Messi ntiyari bwaronke ikibanza co kuza atanguzwa mu kibuga mu mugwi Fc Barcelona.