Burundiculturehomepagekirundisociete

Perezida Evariste Ndayishimiye ati : “Tuzogumiza ikirenge mu makanda yawe”

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye avuga ko we n’Abarundi bose bazokwama bakurikiza iragi nyakwigenderera Petero Nkurunziza abasigiye, ryo gukunda igihugu nk’uko nawe yabikoze, yishimikije abamutanguriye.

Ati: “Ntituzokumaramaza. Tuzogumiza ikirenge mu makanda yawe. Kurya nawe wagumye mu makanda y’abatuboneye izuba nka Ntare Rushatsi, Mwezi Gisabo, Rwagasore, Ndadaye n’izindi mfura z’Uburundi”.

“Jewe ubwanje ndahomvye, umuhanuzi mukuru, umwe abazwa vyose, akaba azi n’akari mu nda y’ingoma nk’uwayikanye, wa wundi amenya icasongoye ihwa”.

Ivyo akaba yabishikirije kuri uno wa gatanu i Gitega ahari haramutse hashinguranwa iteka umuhisi Perezida Petero Nkurunziza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 766