BurundiHealthhomepagekirundiSanté

Abantu bashasha 26 bamenyekanye ko banduye Covid-19

Nk’uko biri mw’itangazo ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida bwashize ahabona kuri uno wa gatandatu, igenekerezo rya 27 Ruheshi 2020, abantu bashasha 26 bamenyekanye ko ngo banduye umugera wa Corona.

Mu bipimo vyakorewe abantu 5, batabarijwe n’ibitaro bitandukanye vy’i Bujumbura, 1 muri bo basanze yaranduye uwo mugera. Nayo mu bantu 438 bamaranye umwanya munini n’abatowe uwo mugera, 25 basanze baranduye.

Iryo tangazo rimenyesha kandi ko 22 bakize, muri 50 bari bagwaye. Kugera ubu abantu 170 nibo bamaze kumenyekana ko banduye umugera wa Corona mu Burundi. Muri abo harimwo 115 bakize n’umwe yapfuye nkuko vyemezwa n’ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765