BurundihomepagekirundipoliticsPolitique

Inama Perezida Ndayishimiye agira abarundi yobafasha gutsimbataza intahe y’ukwikukira

Imbere yo kurangiza ijambo yashikirije abarundi n’amakungu kuri uno wa kabiri mu ntumbero yo guhimbaza imyaka 58 irangiye Uburundi buhabuje intahe y’ukwikukira, umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye yagiriye inama yofasha abarundi gutsimbataza iyo ntahe y’ukwikukira agira ati :

“Ubwa mbere : Tuzirikane neza icivugo ngenderwako c’Uburundi : Ubumwe-Ibikorwa-Amajambere. Gisigura muri make ko ataco twokora ngo kirame tutari kumwe, kandi ko tudakoze tutotera imbere !
Twame dufise ku muzirikanyi ko iyo twerekeza ari igihugu giteye imbere, cigaba kikigaburira. « Turi kumwe twese, birashoboka ».

Ubwa kabiri: Tuvavanure n’agatima ko kugarariza inzego zivuye mu matora kuko inyifato nk’iyo ataho itaniye no kurwanya intahe
y’ukwikukira na demokarasi, kandi tumenye ko kizira kikaziririzwa
kuvuguruza abenegihugu ku co baba bapfundikiye mu matora. Ko twamaze gusezerera intwaro z’igikenye n’iz’amagaburanyama, Zina ndongozi namenye ko ari umusuku w’abenegihugu. Indongozi ni zikorere abenegihugu bashime ata numwe avuyemwo ni ho n’amakungu azobona ko Uburundi ari igihugu c’ijunja kuko gifise indongozi z’ubuvyeyi.

Ubwa gatatu: Twame tuzirikana ko Umurundi wese, yaba mu Burundi canke mu mahanga, ari ubwa mbere na mbere Umurundi, kandi ko naho yoronka ubundi bwenegihugu, ata teka azigera aronka risumba iryo kuba Umurundi. Turasavye Abakandizi b’Uburundi mu bindi bihugu kwama bavyibutsa Abarundi mu bihugu barimwo.

Ubwa kane : Dufashanye, tugire urunani rw’intamenwa, turwanye ubunebwe, dukomeze ubumwe n’urukundo mu bantu, dukure amaboko mu mpuzu dukore, dutere imbere, dushigikire intahe y’ukwikukira.
Tumenye ko Igihugu kikizera inze, kigihanze amaso imfashanyo ziva hanze, kitaba cishira ngo cizane, ukwikukira kwaco guherera mu majambo gusa, na kare « Uwanka gucuka acika uruzingo ».

Ubwa gatanu : Dufashanye mu gusasagaza Ubutungane, bube Ubutungane butunganiriza bose ata nkunzi, kandi tuzirikane ko Ubutungane ari kirumara mu gutsimbataza Intahe y’ukwikukira.

Ubwa gatandatu: Umurundi wese yumve ko Uburundi ari icari ca twese. Turasavye impunzi z’Abarundi zitahuke mu gihugu cabibarutse.
Mu Burundi nta nyagupfa na nyagukira, Uburundi buradukeneye twese. « Amaherezo y’inzira ni mu nzu », ni mutahe iwanyu mukiri abarundi b’ubuntu, kuko « Inkoko irara mw’ishamba bugaca yacitse inkware» !

Ubw’indwi : Twijukire ibikorwa, tuje mu mashirahamwe, duteze imbere amakoperative ari ku mitumba yose, tworore turime kijambere, twimbure turonke ivyo dufungura n’umusesekara dushora mu masoko, twikukire koko.

Ubw’umunani : Nidukomeze imiryango yacu yo mushinge w’Igihugu, turerere urwaruka mu bikorwa tubigisha ikizira, kugira ngo dutegurire kazoza keza uburundi.
Urwaruka gwamaze gushika mu bigero na rwo turusaba gukanura, babone iyo baja. Natwe tukaba tubemereye kuzobaguma hafi tubafate mu mugongo muri iyo nzira.

Ubw’icenda: Twamirire kure imbuto mbi yabibwe n’abakoroni mu Burundi, twamirire kure ubugunge n’uburyarya, dusangire tudacuranwa, turagirane atawusobanurira uwundi, duhinde ikibiri atawukebera mugenziwe, uwuteye imbere yibuke abasigaye inyuma.
Ubw’icumi : Tuvire hasi rimwe mu kugwanya ikiza Korona kitubuza kwishira no kwiza, dushigikire ingingo zafashwe na Reta mu ntumbero yo kugwanya ico kiza ; cane cane isekeza twataziriye; «Ndakira, sinandura kandi sinanduza».”

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764