Burundifootballgroups-at-messageInkinokirundikirundi_SportsSport

# Indundi Sports | Mustapha Francis ngo ntiyemera ko uburozi bubaho!

Umukinyi wo hagati mu mugwi nserukira gihugu intamba mu rugamba yari asanzwe akinira Bugesera Fc mu gihugu c’uRwanda Mustapha Francis Njali yavuze icatumye atitwara neza mw’ihiganwa ryo muri uno mwaka.

Mustapha Francis mu kiganiro yakoranye n’umwe mu bamenyeshamakuru bo mu Rwanda yavuze ingene yarozwe n’abakinyi bagenzi we bakinana muri Bugesera, anavuga vuga ko bamuvuye bakamukuramwo amabuye mu maguru.
Mustapha agira ati:
“Hari ibintu nagiye mu misozi kwivuza nca nsanga n’abantu b’incuti zanje babinkoreye, ni ibintu vyantangaje ariko muri kino gihe meze neza ndashimirImana cane kandi n’igihe nzova mu Rwanda hari ijambo nzovuga Ku bijanye na Bugesera Fc”

Abajijwe ivyo ibintu yakorewe ivyariyo Mustapha akaba yaciye agira ati ” Jewe uburozi sinabwemera ariko hageze igihe ndabona y’uko arivyo, bari bandoze koko, niyo nagiye kwivuriza barabinyeretse.”

Francis akaba yaguzwe na Bugesera akuwe muri Kiyovu Sport, akaba ata amahirwe yaronse kugira yerekane ubuhinga bamugomwe.

Njali muri kino gihe akaba amaze guheza amasezerano n’umugwi Bugesera Fc, nayo uwugwi azokinira mu mwaka uza ukaba utaramenyekana.

Ni umwe mu bakinyi b’abarundi bakina neza hagati yakiniye imigwi ya hano iwacu nka Aigle Noir, Les guepiers Du Lac hamwe Muzinga Fc , mu Rwanda yari amaze gukinira Kiyovu Sports hamwe na Bugesera Fc mugihe muri Kenya yakiniye umugwi Gormahia .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 717