BurundihomepagekirundiPolitique

Abashikiranganji 15 bagize Reta nshasha baraye barahiye imbere y’umukuru w’igihugu

Abashikiranganji bagize Reta nshasha icumi na batanu baheruka kugenwa barahiye imbere y’umukuru w’igihugu c’Uburundi, umushikiranganji wa mbere, icegera c’umukuru w’igihugu, inama nshingamateka na nkenguzamateka hamwe na sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 30 Ruheshi 2020.

Mu ndahiro yabo, harimwo ko bazokwubahiriza ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi, bakanaharanira ineza y’Uburundi n’abarundi.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye akaba yasavye abo bashikiranganji gukorera bose ata nkunzi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764