bp-members-invitationCAN2019footballInfrastructuresInkinointamba murugambakirundi_Sportsprimus liguevolleyball

# Indundi Sports| Igihe urukino rwa Finale rw’igikombe c’umukuru w’igihugu ruzoberako

Mu gihe benshi bibaza ryari urukino rwa Finale rw’igikombe c’umukuru w’igihugu ruzoberako , kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 03 Mukakaro 2020, niho mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB bashira ahabona igenekerezo urwo rukino rwanyuma ruzohuza Musongati Fc hamwe na Rukinzo Fc ruzoberako.

Rukaba rwashizwe Kuruwu wa gatandatu uza igenekerezo rya 11 Mukakaro 2020 isaha y’icenda Ku kibuga c’urukundo kiri mu Ntara ya Ngozi i Buye muri komine Mwumba .

Rukinzo Fc ikarara itsinze urwo rukino izoba itwaye igikombe ca kabiri c’Umukuru w’igihugu c’uburundi inyuma yico yari yatwaye mw’ihiganwa ryo mu mwaka uheze wa 2018-2020. Musongati nawo ukagitwara uzoba utwaye igikombe cawo ca mbere mu mateka .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 316