CAN2019footballgroups-at-messageInfrastructuresInkinoInterviewskirundi_Sportsprimus ligueSportUncategorized

# Indundi Sports |Gitega| Urukino rwambere rwinjiza amafaranga menshi

Mu kiganiro Indundi TV yakoranye  n’uwurongoye na Musongati Fc, Honorable Denis Karera, kuvyerekeye kahise kiwe k’umupira w’amaguru, ndetse n’ingene biteguriye urukino rwanyuma( Finale )rw’igikombe c’umukuru w’igihugu ruzobahuza n’umugwi Rukinzo Fc ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 11 Mukakaro 2020 , kw’isaha y’icenda (15h00) ruzobera i Ngozi Ku kibuga c’urukundo , yavuze ingene biteguriye urwo rukino .

Karera yamenyesheje  ko biteguye bikomeye, n’ibisabwa vyose kugira bashike Ku ntsinzi biriko biregeranywa.

Muri ico kiganira kandi uwo arongoye Musongati Fc yavuze n’inkino zakira abantu benshi Ku kibuga citiriwe Ingoma kiri mu ntara ya Gitega .

Urukino rwa mbere rwakira abantu benshi yavuze rukaba ari urukino rwa Derby rubahuza n’umukeba wabo Flambeau du Centre, urukino rushobora kwinjiza amahera arenga imiriyoni 10.000 000 z’amarundi , urukurikira ni urukunda kubahuza n’umugwi Aigle Noir w’i Makamba, mugihe urugira gatatu ari urukunda kubahuza na Messager Ngozi .

Mwomenya ko Derby ikunda guhuza Musongati Fc hamwe na Flambeau du Centre atari iyinjiza amahera menshi gusa i Gitega, ahubwo niyo Derby ya mbere yitabirwa n’abantu benshi mu gihugu cose ndetse ikanijiza n’amahera menshi .

Mushobora gukurikirana ubuzima bwa Honorable Denis Karera,Kumwe n’uko imyimeteguro ihagaze

What's your reaction?

Related Posts

1 of 371