homepagekirundipersonal developmentSpirituality and progressUrwevuyouth

Nta rukundo wogira nimba udahagaze aho ruri mu mpwemu. Umuntu atanga ico afise!

Isanamu ngereranyo y’umuntu ariko yiyumvira uko yobivamwo

URUKUNDO  RWO RUSA NIRWO RUKIZA

Iyo rero abantu bahejeje bakavuga ibijanye n’urukundo, turaheza twese tugaca twihutira kubona rumwe ruhagaze ahanyiganyiga, ku bishobisho rw’abataremye kumwe mu buryo bw’umubiri.

Yamara duhagurutse gato tukarengera ino misozi y’imibiri, hari urundi rugero nyabuna duheza tugasanga twese turemye kumwe. Turaheza tugaca dusanga twese duhuriye ku kintu, agaciro( valeur) k’ubuntu( la dignité).

Iyo rero tugiye ku gasozi aho twese twibona nk’ubantu mu buntu bwacu( dignité humaine) muri ico gihe turaheza tugaca turabisha amaso y’ubuntu, tugaheza tukabona umuntu mu gaciro kiwe k’ubuntu( dignité humaine).

Iyo tumaze kuva ku misozi y’uruhumyi rw’imibri niho duheza tukabona agaciro nyako, umuntu yaremanywe muri kameremere yiwe asangiye n’umuremyi, za mpwemu nyeranda ziheza zikadutandukanya n’inyamaswa.

Iyo turi kuri uwo musozi mweranda , turaheza rero tugaca tuhabana mu mahoro, icubahiro cinshi, c’ukumva ko umuntu ari ” katihabwa”, eka mbere na we nyene turaheza tugaca tumubona nk’umusozi w’Imana; ahantu Imana icumbitse.

Muri ico gihe rero niho duheza tugaca dukundana, kuko dusanga turi umwe, mu buntu bwacu dusangiye nk’abantu. Ni rwo rukondo nyakuri kuko ruba ruhagaze kuri twebwe nyene , ku co twebwe nyene turi. Uri ugasanga ugukunda ari ari ukwikunda nyene. Uraheza ugasanga, uwo wita uwundi ari wewe nyene. Ivyo vyose umaze kubibona uko uraheza ugasanga nta n’uwundi muntu ahari kuko twese turi umwe.

Aho kuri uwo musozi niho n’Umukama aza kwibera, kuko hariho amahoro n’umutekano.

Nayo ku misozi atari iy’Imana  hoho, ibintu biri ukundi.  Haba hariyo ibigabo vy’amagorwe, Ibigabo bikomeye cane, vyama vyidoga, vyama bifise uburake. Ni ibigabo bitamenyerwa bifise inguvu nyinshi vyama birajwe ishinga n’ugutembagaza intungane. Birondera kwicara ku ntebe z’intungane bikoresheje igikenye. Nayo intunganye iherereye aho hantu yihenze ikaryogora biraheza bigaca biyihotora izosi , bigafyooonda amaso yayo gushika aho amera nk’ayatunutse maze bakiyerekura amaso maso yahindukiriye i mutwe, izosi na ryo ryakebanye.

Iyahoze ari intungane iraheza igaca igira izosi rikebanye n’amaso yahumye, maze , gutyo ikaba irarose uko isaba indaro igashobora ikamara kabiri kuri mwen’iyo misozi. Iyahoze ari intunganye ica isigara ibona ivyari bicuramye bicurutse, ivyari bicururutse navyo ikabibona nk’ibicuramye. Ivyo abandi babona nk’ibara, agaheza akabibona ibisanzwe, ivyahoze ari ibidakorwa bigahinda ingendo. Agaheza agaca yiyita mbere umuhinga canke Igihangange.

Mu kiringo imaze kumera gutyo( Uruhumyi rw’umutima) niho iheza igashobora kuba kuri mwene iyo misozi yorohewe, kuko aba yahejeje akamere nka bene ako karere nyene!

Abahiriwe si ababa kuri mwen’iyo misozi kuko bobo basigaye biyunguruza nka kurya kw’uwuriko aragira urumende, amaboko n’umyutwe biba bicuramye . amaguru nayo akaja hejuru. Inda nayo nyene iba yahindukiriye isi, kubera umutwe n’umunwa n’amaso vyose biba vyahindukiriye isi. Inda iraheza igaca isa n’iyihanze amaso ibifungurwa vy’isi gusa nayo ibijanye n’impwemu bigaca vyose bimera nk’uruboga rutagira agaciro.

Hariya nta rukundo rushoboka kuko erega ntawubona uwundi. N’ivyitwa amaso bafise bicuramiye hasi.

Urukundo ruri kuri uriye musozi w’Imana, niho hatekanye, igihugu c’amahoro, amata n’ubuki, hoho intambwe iba yiryamiye impande y’umwagazi w’intama, inka n’intambwe vyose birya ivyatsi, akaguruka ntikarya akandi, imihoro iramwa!

Abahiriwe ni abibera ku misozi myeranda. Nayo ibinyamubiri vyawe ugaheza ukumva bishaka ko wohungira kuri iyo yindi misozi, uraheza uvyiyamirize ukoresheje psaume 11, na 23.

Umukama niyabona ishaka ry’ukumuhungirako, azoheza akurungikire akanuma kagurukane umushaha wawe kakujane iyo aherereye, nawe ube mu mahoro. Nayo ivy’isi vyose ni ivy’ubusa

Mugume muzirikana ivyo Umukama avuga muri  ” 2 Cloniques 7:14. It is real!!!

What's your reaction?

Related Posts

1 of 757