BDUSAAlbinosDiasporaDiaspora Organizationsdiaspora promotedkirundi

#diaspora| Japhet Legentil| Ni bande bagize Diaspora y’ Uburundi?

Amakenga,n’ibibazo vyinshi nivyo vyatumye indongozi za Diaspora zitanga umuco, abenshi bakunze kwibaza ibibazo nka: Mbega Diaspora y’Uburundi irabaho?, Yoba ijamwo bande?,N’ibihe bikorwa ijejwe?Hoho ntiyoba ari nk’igikoresho c’ubutegetsi? Japhet Legentil  Ndayishimiye aratanga inyishu zikwiye.

Dispora y’Uburundi none n’iki?

Abarundi baba mu mahanga bamaze kurenza amezi atandatu inyuma y’igihugu,yaba abari mu mashirahamwe atandukanye,abatagira ishirahamwe,abemera indongozi z’igihugu bamukamwo, kumwe n’abatazemera bose bampi bitwa abarundi baba muri Diaspora.

Mu kiganiro Umuco gica kuri indundi Radio c’ishirahamwe BDUSA co kw,igenekerezo rya 19 Mukakaro(07) umushingantahe Japhet Logentil niwe yari umutumire witeka, akaba yamenyesheje ko imiryango yuguruye kuri buri mu rundi wese arenza amezi 6 aba inyuma y’igihugu kugira yifadikanye n’abandi mu gutezanya imbere no guterera agacumu k’ubumwe kw’iterambere ry’igihugu.

Ibikorwa vya Diaspora, abayijamwo, uko impunzi zinjira muri diaspora,n’ibindi vyishi mushobora gukurikirana mu kiganiro c’umuyobozi wa Diaspora kuri micro ya Marie Claire Nzeyimana 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 473