BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Kent-P ngo ntiyigeze aba Manager wa Sat-B uretse kuvyiyitirira

Ismail aremeza neza ko Sat-B na Kent-P ubu batakirikumwe kuko gukorana ibikorwa bisaba amasezerano ayo nayo akaba atayahari.

 

Abicishije mu kiganiro Indundi Hits Show , uwahoze akorera insamirizi Rema Fm azwi nka Ismail NIYONKURU yatuyagiye bimwe mu bituma umuririmvyi Sat-B aboneka nk’uwasubiye inyuma aho yahagaze cane ku kibazo c’uko utoteranya umugisha w’Imana uwushire hamwe n’ico yise ubuhemu kuko ngo uko yagiye arahemuka uhereye kuri Manager Abdoul arongoye LEC ,ari bimwe mu bintu vyamukurikiranye cane mukazi kiwe. Ngo ntiwohemukira umuntu yagukoreye ikintu nka “Feel Love” akagukura aho waruri akipfuza kugushira ku rundi rwego (Level) nka rurya hama ngo bigende neza.
Ikindi Niyonkuru yemeza ko Sat-B atamuhagarikizi w’ibikorwa vyiwe (Manager) afise gushika uyu musi.

Abajijwe n’umumenyeshamakuru wa Indundi ku kibazo cico Kent-P ajejwe kuri Sat-B,Ismail yagize ati:

” Sat-B ubu yarakaravye Kent-P kuko ugukorana hagati yabo ubu guhagaze kuri contract; unaretse n’ivyo kuva bakiri kumwe ntiyigeze yitwa Manager wiwe, ahubwo bari abafatanyabikorwa kuko iyo aza kwitwa Manager wiwe aho yamubuza ko boja mw’isabukuru rya mugenziwe Big Fizzo ari naho havuye isanganya ntiyari kureka kumwumvira, kanatsinda ko Manager uba wamuhaye ico kibanza umwizeye, vyongeye kandi ntiyari kuba ariwe aja gusinya amasezerano mugihe Kent-P ahari nka Manager, ivyo ni bimwe muvyerekana ko ayo mabanga yo kwitwa Manager atigeze ayagira muvyukuri”

Ibi n’ibindi vyinshi bikurikirane uciye kur’ino link aho musi

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775