BurundiEntertainmenthomepagekirundi

#Ubusa : Big Fizzo yoba yafatanywe itonga koko?

Inyuma y’indirimbo “Binuwa” ikiriko irabica bigacika mu karere Uburundi buherereyemwo ndetse no mu mahanga ya kure, nko ku mugabane wa Bulayi, Big Fizzo agiye gusubira kuduza ibendera kandi.

Izina Ubusa” niyo ndirimbo umuririmvyi Mugani Desiré azwi nka BIG Fizzo yamenyesheje ku muhingamo wo kur’uwu wa 23 Mukakaro ko agiye gushira habona babicishije ku rubuga ngurukana bumenyi Facebook yiwe.

Mu ntango y’amasanamu y’imponjo yasohoye akaba yerekanye ubwiza bw’igisagara ca Bujumbura ku masaha y’ijoro, nayo murayo mashusho Mugani akaboneka ashajije cane ariko yambika umukenyezi akagufu ko mw’izosi kurundi ruhande hakaboneka umukenyezi afata ishusho yihuse arungikira uwo tutashoboye kumenya, ameze nk’uwuturira.

Mbega yemwe ibara rihava rirwa zishe? Humura ntizisha ahubwo mwitege ivyiza kuri iyo ndirimbo nshasha ikiri ku ziko.

Inzu y’ubuhinyanyuzi Bantu Bwoy ikamenyesha ko indirimbo izoba imeze neza kandi ija ahabona vuba cane.

Mwomenya ko Big Fizzo n’inzu Bantu Bwoy yiwe basigaye batanga ubutumwa budasanzwe ku rwaruka, babicishije muri ayo mashushu nyene, aho twovuga nk’ubutumwa bwo kwirindi ikiza Covid19, ubutumwa bwo kwirinda ibiyayura mutwe n’ibindi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775