BDUSAAlbinosBurundiDiasporadiaspora musicdiaspora music videodiaspora promoteddiaspora youthEntertainmentGospelkirundi

#diaspora| Levis Ferdinand| Ijambo rifise ububasha bwo kwirukana no kwomora ibidutera ubwoba

Ushobora  kuba muri kano kanya wihebuye, ushobora kuba usa n’uwihevye, bishobora kuba vyagucanganiyeko, rushobora kuba rwakwuzuriyeko ,muri ico kinogo nyene urimwo Levis agira ati :”Ni wizera “Ijambo”urabona ugutabarwa.” 

Ijombo rifise ububasha bwo kwirukana kwomora,ndetse no gushikana umuntu ku rundi rugezo.

Ngo kiretse ko amajambo atandukanye, kandi  agira n’uwuyashikiriza,  irivuye ibukuru riba rifise ubushobozi ryiharije, Levis Ferdinand amenyesha ko igikenewe ari ukwizera iryo Jambo ry’Imana.

Levis n’umwe mu Barundi baba mu mahanga, akaba abarizwa Iowa ku mugabane wa America yamaze gutahura akamaro k’ijambo aratuyagira ko Ijambo ry’Imana cabaye ikiraro gikomeye camufashije kwambuka bivanye n’uko yaryizeye rigahindura ubuzima bwiwe.

Levis  afise abavyeyi bompi b’abarundi, akaba yavukiye mu gihugu ca Tanzaniya, akaba yakuze yiyegereza Imana yumva kandi yizera ijambo ryayo, bivamwo kuyikorera mu kuririmba indirimbo zo kuninahaza no gushimagiza Imana kuvyiza yagiye i mukorera.

Ferdinand akaba aherutse gushira ahabona indirimbo yise “ijambo” indirimbo yo gutazira Imana (Gospel), akaba yatanguye uwo mwuga akiri muto mu mirwi y’urwaruka izwi nka sunday school, akaba amaze kugera ku rwego rwo kuririmba ari we nyene aho amaze gushira ahabona indimbo zitari zike zirikumwe n’amashusho yazo .

Mwomenya ko uwo murundi atarahonyoza ikirenge mu gihugu ciwe c’amavukiro  akanamenyesha ko ariko aritegurira kuza hano iwacu nawe yibonere ivyiza Imana yahezagije igihugu c’amavukiro ciwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 597