BurundiEntertainmentkirundimusic

REBEKA umwigeme mwiza asumvya ubwiza abandi ivyamushikiye nagahomera bunwa

Umuririmvyi Titus  Da Sailor amenyeshako umwigeme Rebeka atorohwewe namba mubuzima yaciyemwo ariko y’ukwihangana kuko ubwiza akibufise.

Titus  Da Sailor arahanura cane abigeme beza cane aciye mundirimbo asazwe akora aho avuga kwari inkuru ndende cane gose azogenda abashikiriza abicishije mu kuririmba.akaba avugako ubu ageze kugice ca kabire ahanura aho amenyeshako munyuma naho azohanura urwaruka rw’imisore,munyuma aje kubakuze nabo mu rukwirikirane rwivyo yiyemeje mu gutanga ubutumwa abicishije mu kuririmba.

Uwo muriririmvyi akaba avuga ko aho iciyumviro cavuye ku ruririmbo Umuyabaga Rebeka ari inkuru ikibandanya kuko ari inkuru yaje ikwirikira urundi ruririmbo yariyise Ubuyabaga munyuma kubera yahurumbirwa cane  munyuma aza kwisanga yaguye mu kaga kukubera atitwaye neza murubwo bwiza bwiwe yarafise.

Uwo muririmvyi arabandanya avugako yagarutse amuha impanuro naho yahuye na vyishi harimwo kuvyara abana beshi n’ugutabwa mw’ibarabara kandi atanagihurumbirwa cane kubera koyanakuze gose ariko aregereza gusaza bituma atangura kwihebura agaca agaruka akamuremesha ko yokw’ihangana akagerageza kugendera ubwiza bwiwe kuko aracabufise ahubwo arere neza abana yarose n’ubwo abantu bagabanutse agerageze kw’itonda baracamukunda.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 587