Fabelove na Sat-B ubu imigenderaninire ni myiza cane naho vyashitse bagacanamwo ngo ntazibana zidakomanya amahembe.
Inyuma y’indirimbo Master umuririmvyi Fabelove yasohoye ururirimbo Hange indirimbo yakorewe muri Empire Avenue ikiza kwerekana kandi ko icuka ari ciza hagati yiwe n’umuririmvyi Sat-B. Umubano wabo ukaba wari ugeze habi aho vyari bigeze naho baterana amajambo , gushika naho bija mundirimbo, ndetse no ku nsamirizi.
Fabelove akaba yarahiye ararerwa ko atari muri Empire Avenue ahubwo ari incuti ,Sat-B akaba ari nka mukuruwe naho vyigeze gushika bagacanamwo ariko ngo ni ibishika, ubu bakorana neza ngo ntazibana zidakomanya amahembe.
Mu kiganiro gito yagiraniye na Indundi magazine abajijwe ko indirimbo Hange yakorerwa muri Empire Avenue yoba ari ikimenyetso cuko yinjiye muri uwo muryango, yishuye avuga ko bamufashije gukora iyo ndirimbo muri studio yabo gusa atarinjira muri uwo muryango kiretse ko bakorana nk’abagenzi kandi ngo igihe yo kwinjiramwo bobimenyesha abakunzi b’umuziki ndundi .