BurundiDiasporaInkinokirundi

#diaspora| John K-ay| Kugira ushike ku kintu gikomeye bigusaba gukora ico utari bwigere ukora

Birasaba kwitanga no gutanga igiciro gikomeye kugira ushike ku kintu ciza, John K-ay ngo kiretse ko yari indoto kandi yabwirizwa kuyishikako, gusohora ireresi(Cinema, Movies) Cop’s Enemy iri ku rwego mpuzamakungu vyaramuzimvye binamusigamwo imvune.


Indoto ya John K akaba ari uko amareresi ny’Africa aba mpuzamakungu gushika ku rugero tuziko ama Reresi ya Hollywood, nk’umurundi avuka mu Kirimiro vyari bigoye gutahura ko vyari gukunda, ariko we yizeye ubushobozi Imana yamushizemwo.

Vyaramworoheye kuronka ico akinako(subject) kuko ibibazo ari vyinshi muri Africa ndetse n’abanyabulayi bakaba baza kurondera ivyo bakinako muri Africa, ariko kubona abakinyi b’abany’ Africa bashobora gukina nk’abanyamwuga (professional actor) koko vyamusaba agaciro kadasanzwe narirya iyo ari muri Australia batarwiriyeyo.
Ariko icizere cose yaragifise kuko yari yamaze kubwira ubwonko bwiwe ko abany’Africa bashoboye , nikwo kuraba abahinga bamenyereye gukina nko muri Nigeriya na Tanzaniya.

Amaze kuronka abahinga bakina neza niko kurondera ibikoresho bigezweho biberanye n’amareresi ya kino gihe , abahinga bashoboye gukora ireresi yujuje ibisabwa ku rwego mpuzamakungu, haba ku ruhande rw’amashusho, ndetse no mu majwi.
Ibibanza biberanye no gukiniramwo, aho umuntu yovuga amazu meze, ama modoka y’agaciro, n’ibindi bikoresho nk’inkoho navyo ntivyamworohereje habakuboneka ndetse n’uburyo bwo kuvyishura.

Iyo uriko ukora ikintu gikomeye n’ibibazo biza bikomeye cane, haragera igihe John yumva acitse intege akanagomba no kwiranda ariko, agatima ka mugarukana ku Mana yamuhaye ico ciyumviro kw’ari nayo izo mushoboza.
K-ay amenyesha ko iryo reresi ryiwe ryamutwaye uburyo bwinshi kandi ritwara umunya murere mure ariko yaribonyemwo ikiganza c’Imana kinini, akanakengurukira buri muntu wese yitanze kugira ashike kuri iyo ndoto yiwe ndetse yamwuguririye ibindi birimba vyo kuzokora ibikomeye ndetse no gukorana n’abakomeye.

Ireresi Coop’s enemy ikaba yakinywemwo abakinyi bazwi cane muri kano karere nkaVan Vicker muri Nigeriya kumwe na Wema Sepetu muri Tanzaniya.
Coop’s enemy ikaba imaze gutahukana ubushimwe butari buke, ndetse ikaba ikunzwe haba muri Africa, i Bulayi , ku mugabane wa Amerca na Austrariya, ikaba iri mu congereza ndetse no mugiswahiri, mugashobora no kuyironka vyoroshe ku rubuga ngurukana bumenyi rwa youtube John K-ay.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 512