BurundihomepagekirundipoliticsPolitique

H.E Evariste Ndayishimiye aratumirira abatware kwerekana Ubutunzi bafise


Umukuru w’Igihugu c’Uburundi Nyakubahwa Evariste Ndayishimiye yasubiriye kwibutsa abategetsi ko bokwerekana ubutunzi bafise, kugira ikiringo cabo nicarangira ntibaze bagerekweko inkono ishushe ngo barivye kandi ubutunzi bwari ubwo bari bafise.

 

Nyakubahwa Evariste Ndayishimiye yagize ati : “Nagomba Mfatireho akaryo kugirango ntumire indongozi zose, guhera ku musi w’ejo mutangure gusuzuma amatungo yose mufise, kugira ngo muri izo ndwi zikurikira tube twahejeje kubishira ku murongo, tubishikirize abajejwe ubutungane babitubikire. Nitwaheza ikiringo tuze dusubire tubere ivyo dufise, kugira babone ko atavyo twacishije ku ruhande.”

Yongerako ati : ” Muri uyu mugambi wo kugwanya igiturire, no kugwanya isesagura y’itunga ry’igihugu, amategeko yarabitegekanije, ariko benshi ntibari babizi, nico gituma rero nciye ndavyibutsa, kugira indongozi zose zigende zibe zirarimbura, zishire ku rutondo amatungo zifise kugirango ntihagire abazotugerekako inkono ishushe ngo hari ivyo twanyonoye kandi vyari ivyo twari dusanzwe dufise. Kandi duhejeje ikiringo tuzongera twerekane ivyo dufise kugira bimenyekane.

Aha mukibuka ko amashirahamwe atandukanye arimwo OLUCOME rijejwe kugwanya isesagura ry’amatungo ya Leta amaze igihe kitari gito asemerera ko hari abatware batari bake bava mu bibanza babashizemwo bavanyeyo ubutunzi butagira uko bungana baba baronse bidaciye mu muco.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764