BurundihomepagekirundiPolitique

Akagohe ku bashobora kugwa mu mutego w’abiyitirira Hon. Gelase Ndabirabe

Ngo ntihagire uwuzogwa mu muteko w’abiyitirira Nyeniteka Gelase Ndabirabe umukuru w’Inama nshingamateka y’Uburundi.

Mw’itangazo ryasomwe n’uwuvugira uwo mutware, hagarutsemwo ko Hon. Gelase Ndabirabe ata rubuga ngurukanabumenyi na rumwe akoresha, ariko ngo uravye kuri izo mbuga ubonako izitari nke zikoreshwa kw’izina ryiwe kandi n’ama foto yiwe akaba abonekako.

Muri iryo tangazo akaba asaba abantu ko atawogwa muri uwo mutego, kuko abazikoresha ngo biboneka neza ko bafise izindi ntumbero uravye ivyo baba bariko bandika. S’ico gusa kuko ngo abo bazikoresha babesha abantu ko bashobora kubaronse ibi canke biriya.

Kuko abakurikira izo mbuga zitiriwe Hon. Gelase Ndabirabe baba bafise inyota yo kubona ibirangurwa n’iyo ndongozi, iryo tangazo ryabakangurira gukurikirana imbuga ngurukanabumenyi z’inama Nshingamateka yaba Twitter(@nshingamateka), Facebook (Inama nshingamateka) canke urubuga ngurukanabumenyi bwite rw’Inama nshingamateka y’Uburundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764