BurundiBurundi-GospelGospelhomepagekirundiMiss Burundi 2019miss-burundi

Dudu Niyukuri yavuze ku catumye ahunga Uburundi

Dudu avuga ko naho abaririmvyi bata umwikomo ku butegetsi, ngo amakosa akorwa nabo ubwabo.

Dudu Niyukuri yahavuye ahishura impamvu yamutumye we yerekeza mu gihugu ca Kenya. Aho ni mu gihe we n’abatari bake mu baririmvyi baririmba Gospel batakibarizwa i Bujumbura, muribo hakaba harimwo Fortran, David, Jiji Seven, Fabrice n’abandi batandukanye.

Dudu we avuga ko hampande y’ukuririmba we asanzwe ari n’umuhinga muvy’amajwi, sound engineer, ngo akazi yabonye i Burundi ata kigenda. Ahitamwo kuraba uko ahandi bimeze, naho naho nyene avuga ko bitera ngo de.

Dudu anavuga ko no mu muziki igihe yafata ingingo yo kwunguruza akerekeza mu gihugu ca kenya ngo yabona ko ibintu bitari vyiza.

Dudu Niyukuri adasiba gusimbira i Bujumbura ari naho aheruka gukorera amasanamu y’indirimbo, Mu Maraso yawe, imaze kurabwa incuro zirenga 18,000 ku rubuga rwa Youtube rwiwe, avuga ko abaririmvyi bata ayo makosa y’ukutagenda neza kw’umuziki ku butegetsi mu gihe bibariko.

Muri ico kiyago yagiranye na Akeza Webtv Dudu akabona ko igituma umuziki wacu udatera imbere aruko ata mutima w’urudandazwa Abantu bafise. Aho agatanga akarorera k’uburyo abantu batanga umuziki ku buntu mu gihe mu kuwukora bibasaba amafaranga, ibitakabonetse ahantu na hamwe.

Kubatari babizi, mwomenya ko abaririmvyi batandukanye ba Gospel bari bakomeye mu myaka yahera babarizwa mu mahanga batahagaritse umuziki, bamwe bamwe bakaba banamaze gutera intambwe iboneka mu kuboneka mu binyamakuru mpuzamakungu bikomeye bivuga ku baririmba indirimbo zihimbaza Imana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765