BurundiDiasporadiaspora music videoEntertainmentkirundi

#diaspora| Iwanyu hazoguma ari iwanyu| Mu misi mike Nziza Désiré arasubira guhonyoza ibirenge vyiwe i Bujumbura

Indirimbo iwanyu y’umurimvyi Nziza Désiré yari imburi y’urugendo ruzomushikana mu gihugu c’amavukiro, urwo rugendo akaba yarutanguye hagati y’igenekerezo rya 02 nirya 03 Nyakanga 2020 (bivanye n’igihugu muherereyemwo) ava ku mugabane wa America yerekeza Africa akazoshikira ubwambere mu gihugu kibanyi c’Urwanda.

Muri urwo rugendo rutoroshe ku mvo z’ikiza ca Covid19, Désiré  ategekanya kuva murico gihugu akoze ibiganiro ku nsamirizi n’imboneshakure zitandukanye zo murico gihugu, inyuma abone kwerekeza hano mu  bwa Nyaburunga aho azoba azanywe no  kuruhuka ndetse no guteramisha abakunzi biwe bidasizwe inyuma.

Nziza Désiré akaba yaramaze imyaka ishika  12 atahonyoje ikirenge hano iwacu, akaba yabarizwa Dalas ku mugabane wa America, ico gihe akaba yari yajanye no gutora agashimwe yari yahawe n’ishirahamwe ryoho ku ndirimbo “Baho”,  ivyamuviriyemwo kubandanya ivyirwa vyiwe ndetse no gutangura ubundi buzima bushasha nk’umwe mu barundi baba mu mahanga Diaspora.

Nziza Désiré akaba ari umuririmvyi,umwanditsi, akongera akaba n’Umunyarwenya abenshi bita Comedy, akaba yatanguye umwuga wiwe 1996 aho yasohora indirimbo yiwe yambere yise “ni wewe” iza gukurikirwa niyo yise “Diane” mukaba mwaramunye cane ku ndirimbo “N’Umuyabaga”.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 594