Burundihomepagekirundi

Basabwa kwihangana mu kurindira ko ibintu bija mu buryo

Impunzi z’abarundi bari bahungiye mu gihugu kibanyi ca Repubirika iharanira intwaro rusangi ya Kongo ubu bari ahitwa i Kavinvira basabwa kuba barihangana mu kurindira ko ikibazo cabo kija mu buryo.

Ivyo ni ibishikirizwa na Petero Nkuruikiye, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi hamwe n’umutekano aho amenyesha ko ikibazo c’abo bantu ko kiriko kirirwa kandi vuba ngo kiratorerwa umuti.

Petero Nkurikiye amenyesha kandi ko n’abandi barundi bahungiye mw’ikambi y’impunzi y’i Rusenda muri ico gihugu nyene ngo bagiye kwakigwa mu misi ya vuba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764