BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Kaneza Lynka Amanda ngo s’umurundikazi kandi si n’umunyarwandakazi

Ntahakana ariko kandi ntiyemeza ko ari umurundikazi canke umunyarwandakazi. Uwo ni Kaneza Lynka Amanda umunyamideri yabigize umwuga, ubu abarizwa mu gihugu ca Congo I Kinshasa, yamenyekanye cane aho yatahukana igitsibo ca Miss Rwanda Super nation 2015.

Uwo mwigeme afise ubwenegihugu bw’Urwanda n’ubwo Uburundi kubera abavyeyi bakomoka muri ivyo bihugu, ntiyatanze umuco ku kibazo yabajijwe n’abakunzi biwe ku rubuga rwa Instagram ku bwenegihugu bwiwe. Yishuye ko ari uwo muri Afrika y’ubuseruko.

Muri iyi myaka 5, uwo mwigeme akaba yaravuzweko cane kwiyitirira kuba umunyarwandakazi, ,mu gihe abatari bake bari bazi ko ari umurundikazi kuko bamubonye akurira mu Ntara ya Bujumbura muri zone ya Cibitoke, aho yanatanguriye ivy’ubunyamuderi.

Ariko amakuru twahavuye turonka dukuye mu bamwegereye yari uko umwe mu bavyeyi biwe asanzwe akomoka muri ico gihugu kibanyi, ikimuha uburenganzira bwo kuba umunyarwandakazi.

Ariko kikaba kitaretse kuba iceye kuriwe, kuko bamwe mu barundi bagize ico bashikiriza babona ko uguseruka mu mahanga yakoze muri iyo myaka iheze, ngo yari kubikora nk’umurundikazi, nkuko mwene nyina nawe asanzwe ari umunyamideri aseruka ari umurundikazi.

Mwomenya ko Lynka yigeze kuba umuserukizi, Brand Ambassador, wa Zuri Luxury, inzu isanzwe idandaza imishatsi y’abagore isanzwe ifise icicaro I Kinshasa, ikaba kandi iy’unye congo nyene.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775