BurundiEconomyhomepagekirundi

Abaporisi batandatu birukanwe burundu mu giporisi c’Uburundi

Abaporisi bagera kuri batandatu birukanwe mu giporisi c’Uburundi inyuma y’aho bafataniwe itonga mu rudandazwa rwa magendo.

Nk’uko vyashikirijwe kuri uno wa gatanu, igenekerezo rya 11 Nyakanga umwaka w’2020 n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano Petero Nkurikiye, mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, ngo mw’ijoro ryo kuwa 9 Nyakanga uwu mwaka, abajejwe umutekano barafatiye mu Kajaga mu ntara ya Bujumbura, ibitenge bigera ku 950 vyari vyinjijwe mu Burundi mu nzira ya magendo bivanwe muri Repubirika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.

Mu bantu indwi bafatanwe ivyo bitenge ngo hakaba harimwo abaporisi b’igihugu batandatu, Petero Nkurikiye akamenyesha ko abo baporisi baca birukanwa burundu mu giporisi c’Uburundi.

Tubibutse ko abo baporisi bagize umurwi ugira kabiri w’abazoba birukanwe mu giporisi c’Uburundi bagirizwa ruswa canke forode inyuma y’aho umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano amenyeshereje ko uwuzofatwa ariye igiturire canke agitanze hamwe n’abakora urudandazwa rwa magendo atakumwihanganira na gato.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 766