BurundiCooperationhomepagekirundi

Coopération : Ivyo umushikiranganji wa mbere n’uwuserukira Kenya mu Burundi bahejeje kuganira

Kuri uno wa kane igenekerezo rya 17 Nyakanga umwaka w’2020, umushikiranganji wa mbere CPG Alain Guillaume Bunyoni yahaye umubonano uwuserukira igihugu ca Kenya mu Burundi, Kenneth N. Vitisia.

Mw’ijambo ryiwe, Keneth N. Vitisia yamenyesheje ko yasavye uwo mubonano umushikiranganji wa mbere mu ntumbero yo kuza kumukeza mu mabanga aherutse kugenwamwo yo kuba umushikiranganji wa mbere hamwe no kuganira ukuntu imigenderanire y’ivyo bihugu bibiri, isanzwe ari myiza, yobandanya ikomera.

Umuvugizi w’umushikiranganji wa mbere Hassan Ngendakumana yamenyesheje ko umushikiranganji wa mbere yakengurukiye cane Ambassadeur Vitisia kuri ukwo kumukeza, araheza anamwerera ko agiye gukora ibishoboka vyose kugira go iyo migenderanire myiza hagati y’ivyo bihugu bibiri, ibandanye ikomera.

Mwomenya ko ivyo bihugu bibiri bisanzwe bifashanya muri vyinshi, aho nk’abarundi baba bipfuza kuja muri Kenya canke aba Kenya baba bipfuza kuza mu Burundi ata Visa basabwa, eka n’ibidandazwa biza aha mu Burundi kenshi bikaba bikunze guca ku kivuko ca Mombasa c’aho nyene muri Kenya.

Ido n’ido ni muri ino video aha musi

What's your reaction?

Related Posts

1 of 768