Burundihomepagekirundisociete

Ikibazo c’ukutumvikana kw’abarongoye ishengero ry’aba adventiste cahinduye inzira

Ikibazo co kutumvikana kw’abarongoye ishengero ry’aba adventiste ubu kigeze mu minwe y’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano.

Nk’uko biri mw’itangazo ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi hamwe n’umutekano bwasohoye kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 22 Nyakanga umwaka w’2020, ubwo bushikiranganji buhamagaza inama rukokoma ku barongoye amashengero ndetse n’abakukuruke bo mw’ishengero ry’aba adventiste, iyo nama ngo ikazoba ifise intumbero yo kubanywanisha ikazoba kuri uyu wa kane uza igenekerezo rya 24 Nyakanga uwu mwaka.

Muri iryo tangazo ryashikirijwe na Petero Nkurikiye asanzwe avugira ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati, iterambere rusangi n’umutekano, ubwo bushikiranganji busaba abatumiwe kwitaba bose atawuvuyemwo kandi ntibacererwe ndetse ngo n’intumwa z’igisata ca Afrika y’ubuseruko c’iryo shengero zihamagarirwa kuzohashika bakemurire hamwe ico kibazo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765