BurundihomepagekirundipoliticsPolitiquesociete

Ikiyago : Umukuru w’igihugu aragaruka ku nsiguro ya “Reta Mvyeyi” n’uko abakozi bakwiye gukora

Mu gihe yariko aragirisha ikiganiro aho yishura ku bibazo vy’abenegihugu n’abamenyeshamakuru, umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye yagarutse ku nsiguro ya “Reta Mvyeyi” , akamaro kayo n’uko itegerezwa gukora.

Perezida Evariste Ndayishimiye avuga ati : “Reta Mvyeyi si abashikiranganji kandi si amagaburanyama. Ni nyabuna amategeko atunganye ashira imbere ineza ya bose, yubahwa kandi akubahirizwa na bose nk’uko Ibwirizwa Shingiro ry’Uburundi ribitegekanya”.

Umukuru w’igihugu yagarutse kandi ku bakozi bashaka gukora amasaha umunani ku musi ko ahubwo bokwikubita agashi bagakora gushika abenegihugu baba bariko barakorera bashimye agira ati : “Wemeye gukorera abenegihugu, utegerezwa gukora gushika abenegihugu bashimye. Umukozi wa Reta rero, amenye ko adategerezwa gukora amasaha ahubwo akore ibikorwa.”

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765