BurundihomepagekirundipoliticsPolitique

Itegeko rigenga itunganywa gushasha ry’intwaro mu gihugu ryatowe

Ukujaho kw’umunyamabanga ntayegayezwa arenga umwe mu bushikiranganji hamwe n’uko igisagara ca Bujumbura cotunganywa co kimwe n’izindi ntara, ni bimwe mu biri  mu nteguro y’ibwirizwa risubiramwo ibwirizwa rigenga ituganywa ry’intwaro yo mu gihugu, ryizwe ryongera riratorwa n’inama nshingamateka kuri uno wa kabiri, igenekerezo rya 29 Nyakanga umwaka w’2020 mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe.

Ku makenga ya bamwe mu bashingamateka ku vyerekeye izo mpinyanyuro, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutrkano yabahumurije yongera yerekana ko iryo hinyanyurwa rizotuma akazi kagenda neza kurusha uko kahora hubahirijwe amategeko.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764