BurundiBusinessCooperationCuteEast Africa Newshomepagekirundi

Uburundi na Tanzania bagiye kwubaka ibarabara rihuza Gitega na Kigoma

Bimwe mu vyavuye mu rugendo umukuru w’igihugu Nyakubahwa Ndayishimiye Evariste aheruka kugira mu gihugu ca Tanzania, biratanguye kumenyekana.

Ibarabara rya gari ya Moshi (Train) ngo ni kimwe muvyo abo bakuru b’ibihugu babiri bemeranije ko bagiye kwubaka. Iryo barabara ngo rikazofatanya Intara ya Kigoma muri Tanzania n’intara ya Gitega ariko ribanje guca i Musongati.

Nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru The EastAfrican abishikiriza, ngo iyo gari ya moshi izoba ijejwe gutwara amabuye y’agaciro asanzwe acukurwa mu Burundi. Kanatsinda ngo ayatari make muri ayo mabuye nyene Uburundi bwayashora mu mahanga bucishije muri ico gihugu gisanzwe gifise umuhora kw’ibahari.

Kugira bigumane ijisho kuri ico gikorwa, Ivyo bihugu vyose ngo bikaba vyahavuye bishinze umugwi ujejwe gushira mu ngiro uwo mugambi.

Ico kinyamakuru kibandanya kivuga kandi ko ibihugu vyacu -Uburundi na Tanzania- ngo biriko biriga umugambi wo kwubaka ihinguriro ry’ayo mabuye y’agaciro.

Aha mukamenya ko igihugu cacu gisanzwe gifitanye imigenderanire myiza n’uwo mubanyi wo mu buseruko, kuva kera cane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769