BurundiEconomyhomepagekirundisociete

Abarwizatunga bemeye gutanga imiriyaridi 2 z’amafaranga y’amarundi

Amafaranga angana n’imiriyaridi 2 z’amarundi niyo yatanzwe n’abarwizatunga batandukanye mu ntumbero yo gusanura isoko ya Kamenge iherutse gusha.

Mu rugendo umukuru w’igihugu c’Uburundi Évariste Ndayishimiye yagize kuri uno wa mbere, igenekerezo rya 5 Gitugutu umwaka w’2020, kw’isoko ya Kamenge iherutse gusha, yahojeje abadandaza bahaburiye ivyabo yongera abamenyesha ko Reta aramutswa ataco itazokora kugira ngo abo bahaburiye ivyabo basubire kumirimo.

Ni muri iyo ntumbero yo gufashanya abarwizatunga baciye bemera gutanga ubufasha kuri abo bahaburiye ivyabo bungana n’amafaranga y’amarundi imiriyaridi zibiri zizofasha mu gusubiramwo iyo soko iherutse gutokombera.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 767