BurundiEntertainmentkirundimusic

Big Fizzo na Sat-B bose bahamagajwe mubutungane

Umuririmvyi Tylo Sixer ahereye kubitaribike vyagiye bishikirizwa na Big Fizzo hamwe na Sat-B ubwabo nyene , bafatiye ku majambo baterana batyozanya, niyo yatuye Sentare mu ruririmbo rwiwe yise Mubutungane.

Uwo muririmvyi mu bitero vyiwe yatanguye ahanura abo baririmvyi bose agira ati:
“Ba big brother, please, ni mureke zino beef, ziri faux faux sana,ntizizana ifu take easy, umu king yitwe umu king umuzamu nawe akomeze kwitwa umuzamu mbega Farious ibibintu nivyo kweri?
Satura n’umufuko wamakara, canke n’akayabu, canke umukozi wo mugikoni ,ko yidoga cane ko ico mupfa arico, duhe umuco kwivyo bintu nimba arivyo twebwe tubona ari CEO wa empire muga wewe sinz’ukubibona duhe umuco, yiyita mareshall mu muziki nyumvira, ubwo sico mupfa ga mutama général konzi bagutazira Imana ya Buja fleva, rimwe gushika gatanu atawundi ahari nawe akaguma ashaka ubwami utarapfa?”

Eka uwo muririmvyi ntiyahagaze kurabo gusa kuko yaragarutse no ku bakunzi babo aho avuga kwabona Edith ariko arakwirikira Belle9ce (Following) nayo Fabelove ahamagaye B-Face ngo bakorane igikorwa,Bidondo yinjiye muri Empire Avenue ;Bantu bwoy yaguze indege nayo Empire yaguze ama hotel .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 586