BurundiEconomyhomepagekirundi

Ibidandazwa vya magendo vyaheruka gufatwa vyashikirijwe ikigo OBR

Kw’igenekerezo rya 25 Nyakanga 2020, igiporisi kidasanzwe kijejwe kurwanya ibiturire n’ivyaha bigikomokako bariwe akara n’abenegihugu bo ku murwa mukuru wa poritike Gitega barafashe ibidandazwa vya magendo bigizwe n’ibitenge 571 hamwe n’amakarato 11 y’imivinyu, babifatira muri karitiye Shatanya.

Kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 6 Gitugutu 2020 niho ico giporisi cashikiriza ivyo bidandazwa vya magendo giherutse gufata, ikigo OBR kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi, benevyo bakaba bafise ikiringo c’amezi atatu kugira ngo baze kuriha amakori babone kubisubizwa.

Mu giheico kiringo kizoba camaze kurengana benevyo bataraja kuriha amakori yavyo, ivyo bidandazwa bizoheza bigurishwe icamunara amafaranga azoba avuyemwo aheze ashirwe mu kigeg ca Reta.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 766